26/05/2021
ITANGAZO:Muntumbero yokujahamwe nogushira mugiro umugambi wokwitezimbere mbere nogutezimbere igihugu cacu ciza c'uburundi biciye mumashirahamwe,ishirahamwe ryokwitez'imbere twise CODIJP mumpfunyafunyo,rirangurira imirimo yaryo mukinama,ntahangwa,Bujumbura Marie,rifise ivyangombwa vyokwemererwa gukora,ryabaye rirakora imigambi ijanye n'ukudandaza ivyogufungura muntumbero yokuduza umutahe(capital social).Rikaba riranguza kandi rigatanga nokuwushaka bike afungura uwomunsi:umuceri mwiza cane w'ubwoko butandukanye,ibiharage vy'ubwoko butandukanye eka nibindi kukabeyi keza.Turatumiriye abasumyi bose nabenegihu bomugisagara bakunda imigambi y'urwaruka eka n'iterambere ry'igihugu biciye murwaruka kudufata mumugongo,haba mukuza kutugurira,mbese nomuzindi ntererano zitandukanye zotuma dushika kwihangiro,narirya twipfuza yuko twoshika kwihangira ryoguhingura maze tukazogurisha mugihugu nomumahanga maze igihugu naco kigaterimbere biciye mugutanga amakori hamwe namahera yokwinjira avuye hanze.Turasavye kutuj'imbere haba amashirahamwe ya l'Etat ayabigenga eka nayari hanze y'igihugu mbere na l'Etat yacu nziza cane kufasha muntererano z'ibikoresho,uburyo n'ibindi vyinshi dukeneyebnarirya ariho tugitangura kugira dushike kuriryo hangiro twihaye.Hama mugikorwa dufise kandi turipfuza kuzoza turagira ico dukoze mugufasha abatishoboye nokugarukira kubarwaye atabo bafise babagarukirako ivyo bikazova mumwimbu tuzoba twaronse bice munguvu zacu nomumfashanyo zabagiye kwumva imigambi yacu bakadufata mumugongo.Murakoze Imana mushobora vyose nibahezagire.
Kubafise ico mubaza canke intererano,canke kubakeneye kw'ishikira kukivi aho dukorera yokwakura kuri:68298367.