03/11/2021
Tuzobatsinda,uyu mwaka igikombe ni rwacu:
Ayo namwe mumajambo menshi abakunzi b'umupira w'amaguru( Football) usanga bariko baravuga no guharira birimwo mbere bakanatigira ,umwe ati nimwadutsinda nzoguha iki canke kiriya. Hari rero icantangaje numvise ko bishika iyo umurwi umuntu asanzwe akunda watsinzwe ashobora no kurara adafunguye kandi atanyungu na ntoyi yoronka mugihe uwo murwi uba utsinze!
Mbega nawe aho mugace iwanyu harabo umaze kubona bakunda umupira w'amaguru cane? Iyo bish*tse umurwi bakunda ugatsinda canke ugatsindwa bavyifatamwo gute?ko nsanzwe ntitaho ivy'umupira w'amaguru mbega hari agahombo noba ngira?