Relax Our Friends

Relax  Our Friends Shopping et vente des produits

23/06/2026

🚘🏍️"Uwuzokwinjiza imodoka, ipikipiki canke tuktuk nshasha ikoresha umuyagankuba nta kori azorihishwa"

👆 Ivyo biri mu ngingo ya 223 iri mwibwirizwa rizogenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w'amafaranga wa 2026-2027 ryashikirijwe n'umushikiranganji w'ikigega ca Reta Alain Ndikumana mu nama nshingamateka ku wa 12 Ruheshi 2026, aho yariko arashikiriza amafaranga Reta itegekanya kuzokoresha mu mwaka buca utangura.

✍️ Nk'uko iyo ngingo ibivuga izo ngendeshwa zitazorihishwa ikori canke itagisi mu kwinjira ku butaka bw'Uburundi zizoba izitaragira urugendo na rumwe (zéro kilomètre). Si abo gusa bakuweko itagisi TVA, harimwo n'abazokwinjiza ivyuma vyo gusubiriza (pièces de rechange) hamwe n'abafise ama "garages" bazoba bakora izo ngendeshwa.

📍Umushikiranganji Alain Ndikumana yavuze ko impamvu iyo ngingo yafashwe ari gutera intege iyinjizwa ku bwinshi ry'ubwo bwoko butabangamira ibidukikije ku rugero rwo hejuru kandi budakoresha ibitoro ubonako bisanzwe bibuze iki gihe.


Fabrice@Maniranzi

24/03/2026
20/03/2026

: Umuyobozi w’ishure ry’ubuhinga rya Bitare muri komine Rumonge ‘nta wuzi irengero ryiwe’, kuva ku wa 10 Ntwarante 2026. Amakuru ava kuri iryo shure avuga ko n'amakonte 2 y'ishure yasize agaragara. Umuyobozi ajejwe igisata c’indero muri iyo komine aremeza ko uwo muyobozi atawuzi iyo yagiye. Ku bwiwe, bamurondeye no kuri terefone ngendanwa basanga zizimije.

Hagati aho, Jean Hatungimana ashikiriza ko basanze hari ibibazo vyo mu myaka ya 3 mu gisata c'ubuhinga bwa none bibwirizwa gusubirwamwo. Ni inyuma y’aho bigaragariye ko vyibwe. Bivugwa ko ari ibibazo 3. Ariko bamwe mu bigisha bashikiriza ko bishobora kuba birenga. Bavuga ko barindiriye ikizova mu matohoza yakozwe n’umurwi washinzwe.

18/04/2023

Address

Buyenzi
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Relax Our Friends posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Relax Our Friends:

Shortcuts

Share