BLESS Burundi Entertainment Business

BLESS Burundi Entertainment Business ENTERTAINMENT BUSINESS

😢wake up my people New generation young&smartLet'us be the light🔦🔮
16/01/2023

😢wake up my people
New generation young&smart
Let'us be the light🔦🔮

😢Right !!!
09/09/2022

😢Right !!!

30/07/2022

Number one Burundi Bet⚽⚽⚽

Entertainment website

👁
07/06/2022

👁

NI KUKI ABANTU BIZE AKENSHI USANGA BAKENYE?

Kuva haje ubukoroni muri Africa ,abatari bake ntitubayeho nkatwe yamara tubayeho ku marangamutima y’abaducinyije mu bisata bitandukanye bigize umuntu .
Aha twovuga nk’ivy’inyigisho mu mashure,ubuvu*i,politike,ukwemera,.....
Uyu munsi abatari bake ntibatahura impamvu abantu bize amashure atari bo batunze naho bamwe usanga banaminuje ivy’ubutunzi

1.INYIGISHO MBI

Iyo havuzwe kwiga,umwe wese abona amashure,amakaminuza,...Ushobora kuba umuganga mwiza u*i ingwara zitandukanye n’uku*ivura yamara ukaba ataco u*i ku mafaranga.
Ushobora kuba umuzezwabigega,ugaharura amamilioni menshi y’amadolari mw’ishirahamwe canke ibanki runaka ariko n’ivyo vyose ntibisigura ko u*i ivy’amahera.
Uti impamvu ni iyahe ?
Ni uko ishure ataco ryigeze ritegura ngo rikwigishe ivy’amahera ariyo mpambu impamyabushobozi wozuzurana ariko ukama uri mukene.
Iyo usomye ibitabu bivuga ivy’amahera,koresha muranzi neza umenye uko amahera aronderwa n’uko akora kuko vy’ukuri inyigisho za Africa zitegura abatari bake kwitegurira kuba abanyepolitike kurusha kuba abatunzi.

2.KUBURA INYIGISHO INYUMA Y’UKUMINUZA

Ku batari bake ,ubumenyi buherera ku mpamuro z’imitsindo bahabwa.Yamara,ubumenyi nyabwo ni ubwo turonka uko bukeye uko bwije ni bwo bunadufasha mubu*ima,incabwenge ni wa Muntu yamana inyota yo kumenya ikintu gishasha uko bukeye uko bwije kuko,ubumenyi ni nk’imfungurwa umuntu akenera iminsi yose ngo yamane amagara meza .
Icirwa biduha ni ukwama na ntaryo twiga kurya tunywa amazi kuko hari vyinshi tutazi inyuma y’impapuro z’umutsindo kandi bishobora kuzana amahera gusumba.

3.AKAZI

Iminsi yose abiga bamara ku mashure,bigishwa kuzoba abakozi.Ikibazo cama mu mutwe ni NI RYARI NZORONKA AKAZI?Iki gishobora guhagarika n’ukwiyumvira ibindi vyoguteza imbere kuko uba ubona ko atakazi ata bindi vyokunda.Inyuma yo guheza amashure,icihuta ni ukwandika amakete yo gusaba akazi gusa ? Mbega ubona haheze igihe kingana gite abahejeje amashure basaba ubu*i?Iyo niyo nyigisho y’ishure,kuba umuja w’akazi ubu*ima bwawe bwose ,iminsi yose kwama ukorera uyundi ukabaho kuko hari abandi nk’ikibugu ku nka .
Inyishu nyayo ni ukwiga kwibako no guteza imbere ico mwita imigambi mitomito bizotuma uronka ubwigenge muvyubutunzi kuko nta mahera menshi adahera kandi nta na make atorwira.

4.UBWIBONE

Abantu benshi bize amashure bakeneshwa n’ubwibone kuko bibaza ko kugira impamyabushobozi n’izindi mpapuro z’imitsindo bituma batandukana n’abandi bavuga ko batize.
Ntibabaha umwanya n’icubahiro ngo bayage neza kandi banafise ivyo bobigisha.
Ngira mwese murabibona abakora ibikomeye Uyu munsi ni abatize,bafise inyishu nyinshi ku bibazo vy’ubu bu*ima kuko nta mwanya bafise wo kwama basiga akarato gusa no kuvuga igifaransa neza ;ni abakozi kandi badasuzugura akazi na kamwe .
Mu bushakashatsi uzosanga aba batanguje za Facebook ,AliBaba sibo bari bize menshi kurusha abandi,twige guca bugufi no kwigira ku bandi.

5.UBUZIMA BUTANGAJE

Umushahara wawe nta sano ukwiye kugiranira n’integabizoza yawe .
Abatari bake rero bonona uburyo mukugura ibintu bizimvye Cane .
Imigufu y’inzahabu,imiduga izimvye ,ibikoresho vyo munzu bishashagirana ivyo vyose ngo bikorwa kugira bemeze abandi.
Ico dukwiye ku*irikana ni uko vyose bihera kandi mwese mugahurira mw’ibarabara twige kubaho uko tubayeho tutitaye ku ko abandi babayeho.

6.UKWIRUKANWA

Vyose bishobora gushika.Waba warize canke ufise uburambe bungana gute ,akazi karashobora guhera kuko akazi kawe gahagaze ku ngingo y’umukoresha wawe gusa yamara urudandazwa rwawe nk’umurwizatunga ruhagaze kuri wewe ubwawe . Ni navyo twita ubwigenge nyabwo kuko umudandaza bishobora kwanka ngaha akaja ahandi kandi vyoroshe ariko umukozi we iyo gaheze bimusaba umwanya wo kwandika ya makete kandi ngo asabe akazi atanazi igihe azokaronkera.

7.AMADENI

Kugira umukozi ashobore kubaho uko avyipfuza akenshi yama mumadeni Usanga yanabaye menshi bigatuma ivyo yiyumvira gukora vyose ata kigenda.
Uyu munsi uwuhembwa menshi umumenyeshwa n’urugero rw’amadeni afata kuko aba yizeye kuriha ahembwe.
N’aho biruko, ziganya amahera mu kindi kintu atari umushahara ubeho mu buryo bwawe nyene kugira umunsi utazoba ufise akazi u*ikorere ivyawe wateje imbere n’uburyo bwawe .

8. UKWIGUNGA

Mu mashuri bigisha kunyegeza inyishu,kurondera ikibanza cambere ,kuba icitegererezo....Ivyo vyose rero bituma ubaho wigunze.
Abantu bafise ivyo bash*tseko mubu*ima ni abakoranye cane n’abandi ,bateje imbere imigenderanire,bazinanye n’abantu benshi kukurusha ku buryo ico bakenera cose caba gito canke kinini bamenya uyo bitura.
Yamara wewe ,inyuma yo kurangiza amashure ntucibuka n’amazina y’abo mwazindukana kwiga;iryo ni ryo Shure rya africa nyene twazaniwe kuko n’abiganye ntanakimwe basigaranye kibahuza kiretse impapuro zisa nta n’ikigega co gufashanya kibaho.
Ushaka gutera imbere rero ntawe ukumira burya urabiye ku Bakinyi bakomeye ubona ubuhangange bwiwe ari mu mugwi mwiza.

Mugire ukwiyumvira kwiza n’uguterera iciyumviro aho mwashimye canke kunenga aho mwaneguye

✊Africa unite
06/05/2022

✊Africa unite

05/05/2022

Abazungu tubita abakungu (abatunzi) kuko batugize abakūngu( nta jambo) batubona nk’ibihumbu mu kwihagira iyacu myimbu (amazahabu n’ibindi) ngo tuzame tubasega baduhe muri rwacu n’agasuzuguro kenshi.
Ejo nabonye pasitori na padiri bari kwifuriza amafungo meza shehe bashajije n’imiduga myiza cane bibereye amaso yamara mbabazwa nuko batumvirije umukirisu yishwe n’inzara ari kumwe n’umuislamu agiye kurya iftari ku mugenzi kuko nawe atako yari yigize bituma nibaza vyinshi kuri benshi banigiwe mu menshi bakomera amashi abatabaha nutwo ku rushi hatari bwikubite agashi.

Nivyo koko ngo ntawutanga ico adafise ariko uwimana ico afise akiyita uw’Imana nawe tumuvugeko iki?
Umwanditsi akaba n’umudihamudiho(Rappeur) Amazing Clack (Miracle Ben) niwe mu ndirimbo yiwe UKURI yanditse ngo UKWIZERA KURAKOMEYE CANE KURUTA IDINI ICIZA KIGASUMBA IKIBI vyo koko burya idini riratuntuza kandi ritera ubwoba yamara ukwizera gutanga amahoro mu mutima ariko ndatangara iyo abavuga urukundo ataribo karorero karwo kuko ubu mbona urukundo bararuteje imbere ugufasha uwuri gusoma nturi ni ukumufotora mugani wa Nasha Floxx (Ir Taikun Ahishakalypse I) mu ndirimbo nawe nyene yise ukuri yanavuze ko UWUHISHA UKURI UMWIRABURE AKWANDIKA MU BITABU kuko kumbure tutanaha agaciro gusoma ariko tukemera ivyanditswe vyose ngo nikwo kuri ariko tukanka kwemera ivyo tubona n’amaso nk’ibimenyetso.

Uyu munsi Sinanditse ibi kuko nanka abazungu canke ndakubuza ibikurimwo habe namba yamara igiti cose gifise imizi igifasha kubaho mukukironderera amazi muku*imu no kugifasha kurinda impanuka zishobora kugisambura,umuntu wese ndamugereranya n’igiti kuko iyo kidafise imizi gishimikirako kiraranduka kigatakaza ubu*ima nawe uriko urasoma ibi nanditse menya neza ko kahise ,imico n’akaranga vyawe ariyo mizi ituma uba wewe kandi uwutaye ibanga ntarata amahanga yamara mbona ubwacu umengo twaribagiye ubutwari bwa ba sokuruza twemera gufatikanya n’abababajwe n’ubumwe bwacu mukuducanishamwo bakoreshe amoko,amadini,Intwaro,......
Uyu munsi mwiyambaza aberanda b’abazungu kuko iwabo bafise ivyo babamariye babandika mubitabu bitazigera vyibagirana mwibagira ba sogokuru banyu bacuzwe bufuni na buhoro bitanga ngo muzobeho ariko mwemeza ko mwacunguwe n’umuzungu yakubaguye ba sokuruza kweli ?
Nkaha ba Segihembe boza bakaraba ivyo twikoza ntibotuvuma?
Ico mwita dayimoni cama cirabura kuko mwirabura malaika azama asa nabazungu kuko ico bashaka aruko mwama muri munsi yabo😂

Aha wibaza uti ibi bizokwama uku ariko siko bizama kuko uko biri kwose twobitangura ubu nyene uruvyaro rwacu rwozobishikako niba mudahava mwibaza ngo ni ukubaraga ivyatunaniye.
Ubwabo ngo ibanga ry’ukwemera ni agatangaza birtyo ntutangare ubonye ibi mvuze nk’ukuri kuko ukuri kwanje gishobora kuba ikinyoma kuri wewe canke uyundi ariko ntbibuza ko kuguma ari ukuri ku yundi yundi atari wewe.
Nimba aba misionari bazanye amadini bagaturubika ba sogokuruza aribo karorero keza ko kwemera ndemeye kuzoja mu miriro ivugwa maaa sangeyo Segihembe ,Buso ,Muvunyi na Kiganza batabatijwe kuko nanje sindigera mbatizwa.

UBUTANDUKANE BWO KWEMERA NI BWADUTANDUKANYA UMUCO W’UBUMWE BWA BA SOKURUZA UZODUHUZA NA KARE UWUTEMERA ICO WEMERA ABA YEMERA ICO YEMERA KANDI NAWE NTUBA WEMERA ICO YEMERA.

Gire ubuntu,ukuri ,ijambo n’ukwemera mwemera mutemejwe.

Intore Segihembe

02/05/2022

Abana b'uyu musi,amashÄŤnga ya kazoza...

Mubigishe indirimbo z'iguhugu.
Mubigishe umudiho w'ubu*ima.
Mubigishe inguvu za kahise,bashobore gushimagiza ubwiza bwa kazoza.Abana b'uyu musi,amashinga y'ejo hazoza.Bafise ububasha bwo kumenya no kwizera ubumwe bw'ubu*ima.

Mubigishe bamenye ko abagabo n'abagore bose atari abanyakuru kandi batizewe.Mubareke bamenye ko ruhande y'umuntu mubi kandi yikunda,hari abantu beza,bakundana kandi bitaho abandi.
Mubigishe umunezero uri mu gutsinda no kwemera kunanirwa mu gihe vyash*tse.
Mubigishe ko igiceri winjije gifise agaciro gusumba igihumbi wivye bigatanga amahoro.
Mubigishe kunezererwa intsinzi y'abandi aho kugira ishari,bizere Imana y'abasokoru no kwiyizera ubwabo!
Mubibutse ko aribiremwa kandi ko atanumwe yobasubirira.
Ntimwibagire ko bigisha ko bitanga icubahiro kunanirwa wagerageje gusumba kwiba kandi ko bidateye isoni kurira.
Mubigishe ubutandukane buri hagati y'isi y'ukuri n'isi basoma mu binyamakuru,iyo babona ku biyo vy'amareresi n'imboneshakure.
Mubigishe ubushobozi buramvye bw'ukwihangana n'ubw'ubugwaneza.
Mubigishe ubushobozi budahera bw'urukundo no kubabarira.
Mubereke ukuri kw'amabara y'ubu*ima kandi mubibutse kuraba kure y'amabara y'urukoba kugira bahe agaciro amaraso y'ubu*ima.
Mubigishe akamaro ko kumwenyura mu nzira z'umwijima bacamwo mu bu*ima.
Mubigishe kwicisha bugufi no kwirimbura bakaba bo no kuja kure y'ibiyayuramutwe.
Mubigishe kwubaha ubu*ima n'abakurambere kugira nabo bazokubahwe!
Mubigishe uturirimbo twaba mawe bacu;mubabwire aho turi,aho twägčye,iyo tuja nabo bazobereka inzira.

💖
29/04/2022

💖

Address

GIHOSHA/Rue:GASENYI
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when BLESS Burundi Entertainment Business posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share