07/09/2026
🟢⚽💪:Miburo Aboubakar, umumenyereza wa Rukinzo Fc Arizeza Itsinzi Abakunzi Bumurwi wa Rukinzo Football Club ko Hakiriho Amahirwe yokubandanya
Mukiganiro Nabamenyesha Makuru Miburo yagize Ati Umugwi wa Durban City FC ufise abakinyi beza ariko tugerageje kubasatira tworonka igitsindo. Ukuntu twakinye si bibi, twaragerageje kubabuza gushika kw'igori ryacu ariko bararonse igitsindo.
Mibiro Abajijwe kuvyerekeye Igitsindo batsinzwe Yagize Ati" Igitsindo kimwe kiragoye kandi kitagoye, dutegerezwa gusatira ariko tukirinda no kwinjizwa igitsindo. Twararonse uburyo bwo gutsinda imbere y'igori hakabura akanyarigabo ko gutsinda . Hamwe Imana yodufasha abasatirizi bacu bakabona igori , turafise icizere ko twobakuramwo i Bujumbura . " Kuri Stade INTWARI 🏟️
🤔Ese Nawe Uremezanya Numumenyereza Miburo Aboubakar
Ntiwibagire kugira Follow na share kurino page 🙏