12/01/2024
ABAFISE UBUGINGO BUDASHIRA ABARIBO
🚨Abantu benshi barifuza kuzoja mw'ijuru uwo ubazije wese akubwira ko azoja mw'ijuru ARIKO bene Data mw'ijuru ijambo ry'lmana riratwereka abazojayo abaribo kari ABAVUTSE UBWA KABIRI M. N: Oyaye Ushobora kudatahura ukomeze gusoma uraza kwumva ico bisigura Icarico
YOHANI 3:3
-Yesu aramwishura, ati N'ukuri, n'ukuri ndakubgire: Iy' umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg'Imana.
🚨 Ukwo kuvuka ubwakabiri Yesu yariko aravuga yavuze sukubatizwa haba namba ahubwo kubatizwa ijambo ry'Imana ritwereka ko cone ari ukugera ikirenge muca YESU ukamuahingira intahe ko yapfuye akazuka Nawe wamwizeye ukamwakira kuzozuka reka turabe rero UKUVUKA UBWAKABIRI
YOHANA 3:36
-Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik' utumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik' uburake bg'Imana buguma kuri we.
⚠️ ❗⚠️❗ Uku rero Yesu yaciye avuga benshi muramwizera ARIKO hari iyindi ntambuko utarakora kugira rero ube mu kuvuka ubwa kabiri neza kugira uzoronke IJURU URONKE UBUGINGO BUDASHIRA
🚨 Nayo ijambo ry'Imana riratwereka kwari UKWATURA UKIHANA UKAVUGISHA AKANWA KAWE UKAKIRA UWO MWAMI YESU AKAGUHARIRA IVYAHA VYAWE AKAGUFUTA MUGITABU C'ABANYAVYAHA AKAKWANDIKA MUGITABU CUBUGINGO BUDASHIRA ukabona kwakira agakiza atari idini Oyaye kuko agakiza ni Yesu Kristo ni kuvuga utamwizeye hama ngo Wihane uve mubuzima bwivyaha atahandi buzogutwara atari MWIRIMBUKIRO Ntajuru uzobona
kuko niwe gakiza hama ugatera intambuko yo gukurira kw'ishengero
ABAROMA 10:9
-Kuko ni waturisha akanwa yuko Yesu ar' Umwami, ukizera mu mutima yukw Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa.
Kukw ivyanditswe bivuga, ng' Umwizera wese ntazoterwa n'isoni.
🚨 RERO Mwene Data uramwizera ariko urasabwa kuvuka ubwa kabiri kugira uzoje mw'ijuru uramwizeye uwo Yesu ariko bisaba gutera intambwe yo kwatuza akanwa kawe umwakire akubere Umwami n'umukiza m'ubugingo bwawe aguharire ivyaha vyawe ubone kuronka ijuru agakiza woye kuzoja Gihenomu mumuriro udashira mwir